Bahamagarirwa kumenya ibijanye na COP
Mu ruganda rwatunganijwe n'ishirahamwe Ishaka2250 rifashwe mu mugongo na Unicef, ku bamenyeshamakuru i Bujumbura, kuri uwu wa 25/10/2022, Rusangwa Audry arongoye iryo shirahamwe avuga ko urwaruka ari rwo kazoza k'ibihugu ari naco gituma rubwirizwa kuva hasi rugaterera mu bijanye n'ihindagurika ry'ibihe. yasiguyeko COP (Conférence des pays) ari inama y'ibihugu yo kurabira hamwe ibijanye n'ihindagurika ry'ibihe iba uko umwaka utashe. Rusangwa Audry arongoye ishirahamwe Ishaka2250 Nko mu Burundi, Rusangwa avuga ko urwaruka ruri ku bice birenga 60 kw'ijana (60%) vy'abarundi. Muri iyo nama nkuko Rusangwa abisigura, bararaba uko umwaka utashe ibihugu biba vyarekuye ivyuka bibi ku rugero runini nk'ibiva mu mahinguriro vyonona igisenge. Gushika ubu ngo bigaragara ko ibihugu nka Leta zunze ubumwe bwa Amerika n'Ubushinwa ari vyo biza imbere. Muri Afrika haza igihugu ca Afrika y'epfo. Ibindi bihu...