Bahamagarirwa kumenya ibijanye na COP

Mu ruganda rwatunganijwe n'ishirahamwe Ishaka2250 rifashwe mu mugongo na Unicef, ku bamenyeshamakuru i Bujumbura, kuri uwu wa 25/10/2022, Rusangwa Audry arongoye iryo shirahamwe avuga ko  urwaruka ari rwo kazoza k'ibihugu ari naco gituma rubwirizwa kuva hasi rugaterera mu bijanye n'ihindagurika ry'ibihe. yasiguyeko COP (Conférence des pays) ari inama y'ibihugu yo kurabira hamwe ibijanye n'ihindagurika ry'ibihe iba uko umwaka utashe.

                         Rusangwa Audry arongoye ishirahamwe Ishaka2250



Nko mu Burundi, Rusangwa avuga ko urwaruka ruri ku bice birenga 60 kw'ijana (60%) vy'abarundi.

Muri iyo nama nkuko Rusangwa abisigura, bararaba uko umwaka utashe ibihugu biba vyarekuye ivyuka bibi ku rugero runini nk'ibiva mu mahinguriro vyonona igisenge. Gushika ubu ngo bigaragara ko ibihugu nka Leta zunze ubumwe bwa Amerika n'Ubushinwa ari vyo biza imbere. Muri Afrika haza igihugu ca Afrika y'epfo.

Ibindi bihugu nk'Uburundi bigwa mu mporero kuko ata vyonona vyinshi burekura. Nubwo biri uko Uburundi bwama bwahuye n'ibibazo bifatiye kw'ihindagurika ry'ibihe (imyizurira mu Gatumba , Gatunguru,...).

Ni co gituma nkuko mw'ishirahamwe Ishaka 2250 babisigura urwaruka rukwiye guhaguruka rukitaho ibijanye n'ihindagurika ry'ibihe_ maze rukitabira izo nama rugashikiriza ivyiyumviro.

Vyotuma nk'ibihugu biba biri mu bituma haba iryo hindagurika, bitanga indishi y'akababaro ku bindi bihugu ataco vyiyotsa. Ariko nkuko muri Ishaka 2250 babivuga bizokunda ari uko urwaruka ruvuye hasi rukitaba amanama nkayo rugashikiriza ivyiyumviro.

Kwitaba inama ya COP bigenda gute!



Hari inzego z'ibijejwe nka UNFCCC. Muri ico gihe  nk'ishirahamwe canke ishure n'izindinnzego, barashobora gusaba kugira ngo baronke uburenganzira bwo kuja muri iyo nama. N'ibinyamakuru birashobora gusaba uruhusha bikaja muri iyo nama.

Ahanini rero ibinyamakuru bisabwa gukora amakuru menshi ajanye n'ihindagurika ry'ibihe ndetse bakandika no ku bijanye na COP gutyo urwaruka rukabimenya.

Uno mwaka iyo nama y'ibihugu ijanye no kwiga ihindagurika ry'ibihe ku ncuro yayo ya 27 (COP 27) izobera muri Afrika mu gihugu ca Egiputa mu kwezi kwa Munyonyo, 2022.

Mw'ishirahamwe Ishaka2250, babona ko ari akaryo keza k'ubanyafrika n'Uburundi burimwo gufata iya mbere mukwerekana ko ibihugu nk'Uburundi bigwa mu mporero z'ihindagurika ry'ibihe.


Commentaires

Posts les plus consultés de ce blog

Blaise Pascal : 400 ans après sa naissance, ses œuvres restent d’actualité

La promotion des personnes handicapées au cœur de l’association CESAPH

Burundi : la Banque africaine de développement (BAD) approuve le mécanisme de garantie des transactions de financement du commerce à la Banque commerciale du Burundi (Bancobu)