Urubuga Isôko : Inyishu ku banyagihugu bahora bajuragirika
Urubuga Isôko (www.isoko.bi) ni urubuga rwakozwe n'ubushikiranganji bw'abakozi n'akazi rubifashijwemwo n'ikigo mpuzamakungu PNUD, rukaba ruje gufasha abantu kumenya amakuru ajanye n'impapuro zankenerwa zitangwa mu ntwaro no mu bindi bisata bitandukanye n'ingene zisabwa, ibisabwa kugira ururonke... Urubuga Isôko ni urubuga rwa Reta rufasha kumenya impapuro zisabwa kenshi mu buzima bw'igihugu no mu ntwaro. Uturorero tw'impapuro zikunda gusabwa n'abanyagihugu: Urwandiko rwemeza ko umuntu afise amagara meza, passport, laissez- passer, uruhusha rwo kugendesha imodoka, impapuro zerekana ko ata vyaha wagirizwa n'ubutungane, impapuro ndangatongo, uruhusha rwo kubaka, uruhusha rwo gutanguza ishure ryigenga, urwandiko rwemeza ko watoye ikibazo ca Reta, urwandiko rwemeza ubwenegihugu, murekarengane, amasezerano y'ugucukura ubutare, uruhusha rw'ugucukura ikariyeri, n'izindi nyinshi zisabwa mu bushikiranganji butandukanye. Aha dutanze uturore...