Urubuga Isôko : Inyishu ku banyagihugu bahora bajuragirika
Urubuga Isôko (www.isoko.bi) ni urubuga rwakozwe n'ubushikiranganji bw'abakozi n'akazi rubifashijwemwo n'ikigo mpuzamakungu PNUD, rukaba ruje gufasha abantu kumenya amakuru ajanye n'impapuro zankenerwa zitangwa mu ntwaro no mu bindi bisata bitandukanye n'ingene zisabwa, ibisabwa kugira ururonke...
Urubuga Isôko ni urubuga rwa Reta rufasha kumenya impapuro zisabwa kenshi mu buzima bw'igihugu no mu ntwaro.
Uturorero tw'impapuro zikunda gusabwa n'abanyagihugu: Urwandiko rwemeza ko umuntu afise amagara meza, passport, laissez- passer, uruhusha rwo kugendesha imodoka, impapuro zerekana ko ata vyaha wagirizwa n'ubutungane, impapuro ndangatongo, uruhusha rwo kubaka, uruhusha rwo gutanguza ishure ryigenga, urwandiko rwemeza ko watoye ikibazo ca Reta, urwandiko rwemeza ubwenegihugu, murekarengane, amasezerano y'ugucukura ubutare, uruhusha rw'ugucukura ikariyeri, n'izindi nyinshi zisabwa mu bushikiranganji butandukanye. Aha dutanze uturorero kuko izo mpapuro ni nyinshi.
Déo Ruberintwari, umwunganizi w'umushikiranganji yamenyesheje ko urwo rubuga ruje gufasha abantu bahora bajuragirika bagatakaza umwanya n'uburyo bwabo bagiye kurondera impapuro ariko bashika bagasanga hari ivyo batari bazi ko bikenewe.
Uwo mwunganizi w'umushikiranganji asaba ko abantu bazokoresha urwo rubuga bazogenda bazi ibisabwa vyose kugira ngo baronswe izo mpapuro.
Nk'uko abandanya abivuga, urwo rubuga ruri mu ndimi zitatu: ikirundi, igifaransa hamwe n'icongereza. Abarukoresha bakaba barusangamwo amafishi y'inzandiko zikenerwa kuzuzwa hamwe n'insiguro zose zikenewe ku wipfuza kwitura inzego z'intwaro.
Ico gikorwa kikaba cabaye ku wa gatatu i Gitega igenekerezo rya 12 Gitugutu, mu ruganda ku bamenyeshamakuru rwatunganjijwe n'Ubushikiranganji bw'abakozi n'akazi bufadikanije n'ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe iterambere PNUD mu Burundi. Ivyo bikaba vyabaye mu ntumbero yo kumenyesha abarundi akamaro ko gukoresha urubuga Isôko ruri k'ubuhinga bwa none.
Winjiye muri urwo rubuga www.isôko.bi uca muri Google Chrome ugacusangaho amakuru yose y'ivyo wipfuza.
Mwomenya ko intumbero ya Reta ariyo gukoresha ubuhinga bwa none.
Commentaires
Enregistrer un commentaire